Amatangazo

IBIMENYESHEJWE N’UMUGAMBWE CNDD-FDD KU WA 3 GITUGUTU 2015

Umuryango w’ibihugu vya Buraya waraye ufatiye Abarundi bamwe ingingo zidahumuriza ziteye kubiri n’ubutungane bibonekako ari agasomborotso.

 Kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2015 Ishirahamwe  ry’ Ubumwe bwa Buraya ryarakoranye mu Bubiligi aho ryafatiye ingingo zidatomoretse Abarundi bane (04) b’ubwoko bumwe bw’Abahutu zibabuza kwinjira mu bihugu bigize uwo Muryango, zikanabafatira amatungo yabo boba bafise muri ivyo bihugu 28.
Umugambwe CNDD-FDD umaze kwumva iyo ngingo waguye mu gahundwe kuko ivyo bihano vyibukije akahise kabi igihugu caciyemwo, aho amacakubiri yari yariganje mu Burundi aho amaraso y’abeneburundi yirigwa aseswa n’akarwi gatoyi k’abari ku butegetsi imyaka irenga 40 havuyemwo amezi atatu yonyene umuhisi Ndadaye Melchior yarongoye igihugu. Ikibabaje ni uko igihe cose iryo bara ryarwa mu gihugu iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryasa n’iritabibona tutiriwe tunavuga ko ata n’umwe ry’igeze rihagarika canke ngo ribuze kuja i wabo mu baba bariko barashira mu ngiro umugambi wo guhonya Abarundi b’ubwoko bumwe. Aha umuntu yokwibaza ibibazo vyinshi. Mbega boba baranse gufatira ibihano abo bari bafatanije umugambi ? Mbega ubutungane bw’ico gihe muri iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ntibwari bumeze nk’ubw’uno munsi ? Mbega  ivyo bihugu vyoba vyaratinye gufata ivyo bihano kubera vyasanga bene gukora iryo bara ari abo mu bwoko batipfuza gukorako ? Mbega abo bantu bane bavugwa ivyo bakoze hari aho biza bisana n’ivyo abateguye ihonyabwoko bakaza kuvyitirira  Reta no mu makungu bakabishikanayo ? Mbega iyo ngingo itigeze imenyeshwa abo vyega nibwo butungane ayo mashirahamwe y’i Buraya ahatira ku bihugu vya Afrika, Caraïbes na Pacifique ( ACP) ?  n’ibindi n’ibindi.

  1.  Inama y’ibihugu vya Afrika, Caraïbes na Pacifique (ACP) yabereye i Buruseri mu Bubiligi kuva itarika ya 22 gushika kw’itariki ya 27 Nyakanga 2015  hakaba haravuzwemwo ikibazo c’Uburundi gifatiye kw ‘itangazo  ryari ryasohotse inyuma y’inama nk’iyo yari yabereye mw’izinga rya FIJI mu gisagara ca Suva muri Ruheshi 2015. Ico gihe cose muri ayo manama yose nta kibazo co gufatira  ibihano abantu cigeze kivugwa. Muri iyo nama yanyuma yabereye i Buruseri mu Bubiligi ku va kw’itariki ya 22 gushika ku wa 27 Nyakanga 2015, abaserukiye Uburundi barerekanye neza ko amatora yagenze neza, inzego zose zirashirwaho hisunzwe impanuro zari zatanzwe n’amashirahamwe yo muri Afrika, ibihugu vyo mu karere, ONU, amashirahamwe y’i Buraya n’ahandi, bikaba rero bitumvikana ingene inyuma yaho haza ingingo y’icaduka ikora ku Barundi kandi Uburundi butagishijwe inama, bukabimenyeshwa hakiri kare kugira bugire ico bubivugako imbere y’uko ingingo ifatwa ;
  1.  Ibibazo vya politike vyishurwa na politike, ibibazo vy’ubutungane bikishurwa n’ubutungane nk’uko ibibazo vy’ibiharuro vyishurwa n’ibiharuro
  1. Ibihano vyaraye bifatiwe abo Barundi bane b’ubwoko bw’Abahutu si ubutungane busanzwe buzwi kw’isi kuko ata butungane bw’ubwoko buhaba. Uretse ko n’abafatiwe ivyo bihano batigeze babimenyeshwa kugira ngo bitabe mu butungane biregure, aha uwo ariwe wese yoca yibaza ivyafatiweko iyo vyavuye. Nk’uko vyavuzwe aho hejuru, biraboneka ko hari akarwi k’abantu kishize hejuru y’ubutungane tuzi gahenda bene gufata ingingo mu nzira atarizo na cane cane ko izo ngingo zafatiwe  mu kinyegero Uburundi butahari ;
  1.  Ikindi gitangaje ni ingene ubwo butungane  bwafashe ingingo zo gusenyura inzego z’igiporisi,  aho  vyagaragaye ko aho ugufata shefu mukuru w’igiporisi bafata uwuri musi yiwe kubera yahoze ari muriCNDD-FDD akaba ari n’umuhutu ;
  1. Ababikurikiranira hafi barazi neza ingene inzego z’igiporisi canke z’igisirikare zubatse bishingiye ku masezerano yo guhagarika intambara yateweko igikumu ku wa 16 Munyonyo 2003. Gufatira ingingo abahoze muri CNDD-FDD bonyene kandi b’ubwoko bumwe biboneka ko ayo masezerano ivyo bihugu vyo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya vyari vyarayarwanije, ariko birabananira bikaba uno munsi vyafashe ingingo z’ubutungane zitisunze ubutungane na bumwe, uretse ugushaka gutoteza abo batipfuza. Ibi bikerekana kandi ko naho Ngendakumana Léonard yagiye mu barwanya Reta y’Uburundi ntiyamenya ko batamuha nirwere, yabaye igikoresho co gushigikira ako karwi ko mu bundi bwoko, kuko siwe yavuze amajambo mabi cane kurusha  Pacifique Nininahazwe, Jenerali Ndayirukiye Cyrille, Vital Nshimirimana,  Sinduhije Alexis, Marguerite Barankitse n’abandi ;
  1.  Birababaje kubona abatanze amategeko yo gushira abana  mu migumuko, bakabagaburira ibiyayuramutwe kandi tuzi ko ico ari igikorwa kigayitse gihanwa n’amategeko mpuzamakungu  nk’amwe atuza ihonyabwoko ariko  bakaba bahawe indaro  muri ivyo bihugu vyo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya. Umuntu yo kwibaza ! Abo nyene nibo bagomoreye imisoresore ku Barundi ataco bazira na cane cane Abagumyabanga n’abaporisi, barica, baraturira  abantu n’ibintu  abamenyeshamakuru batumwe n’ivyo bihugu barorera, bakokeza mu gabo kuri uno munsi ni bo ivyo bihugu biriko birakingira, kanatsinda barabateruye bose babajana i wabo  bisigura ko ivyo babatumye gukora vyabananiye hanyuma barabatahana. N’aha umuntu yokwibaza ;
  1.  Kutubahiriza ingene ubutungane bukora, gukoresha inzira yo gutoteza bamwe kugirango usenyure urwego rw’igipolisi rwashizweho bigoranye ukirengagiza amakosa yakozwe n’abateguye imigumuko gushika aho bashaka gutembagaza ubutegetsi, ukima amatwi akamo Reta yagiye itera igihe cose, biragaragara ko inzira y’ubutungane yakoreshejwe kugira bashike ku nyishu za politike  ibi navyo bikaba biza vyemeza ko ubutungane bwahotowe kugira ngo bene gufata ingingo bashike ku vyo bashaka ;
  1.  Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya nta biganiro ryipfuza mu Burundi
    1. Umugambwe CNDD-FDD uratangazwa n’ingingo y’agasomborotso  yafashwe n’ibihugu biri mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yo gukumira no guharira ivomo Abarundi bamwe bamwe Uburundi butabajijwe canke ngo bugishwe inama mu gihe buri mu myiteguro y’ibiganiro bizoba bihuriyemwo bose , uretse gushigikira abipfuza  gusambura inzego z’igiporisi n’iz’umutekano nabo gushika kuri ino saha bikaba vyarabataye k’uw’amazi, ivyo bihugu vyahisemwo gufata ingingo zihushanye n’ivyo Uburundi bushaka mu guhuza Abarundi bose mu biganiro. Muri ico gihe nta kindi ciyumviro kiboneka uretse ico ukwankiriza ivyo biganiro kuko bene gufata iyo ngingo baboneka ko bataronse ico bashaka ico naco kikaba cari ugutembagaza ubutegetsi bwa demokarasi bwitorewe n’abenegihugu kugira ngo Uburundi buramutswe Reta mfatakibanza y’amagaburanyama aho ivyo bihugu vyari kubona ingene bisahura ubutunzi bw’igihugu ata camira. Abari kuja kuri ubwo butegetsi mfatakibanza baba ari ibikanganyoni ataco bashobora gufasha abenegihugu uretse kugururira urugi basesankuyoze kuko nabo nyene baba babisangiye ;
  1.  Ntivyumvikana ko mu gihe ibihugu bidukikije vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU eka n’amanama menshi yagiye akorwa mu ntumbero yo gutora inyishu ku bibazo vy’Uburundi, haba mu mashirahamwe y’i Buraya n’ahandi yemeza ko ibiganiro ari vyo bizana umuti urama hanyuma ukaza wumva abidohoye muri iyo ntumbero, aho kugira ngo bafashe inyishu ziboneke vuba bafata ingingo zo gutatanya kurusha Abarundi. Ibi bica bitwibutsa kahise k’Uburundi ;
  1. Kahise k’Uburundi
    1.  Nk’uko twagiye turabimenyesha mu nyandiko z’Umugambwe CNDD-FDD, ibibazo vy’Uburundi vyagiye birivangwamwo n’ibihugu vyo hanze kuva ku kwikukira kw’Uburundi gushika n’uno munsi. Mu 1961 kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, Umuganwa Ludoviko Rwagasore yaragandaguwe kuko yipfuza ukwikukira kw’Uburundi. Haravuzwe ko harimwo ibihugu bimwe bimwe vyo muri ubwo Bumwe bwa Buraya ikaba ariyo mpamvu ata nkurikizi yabaye. Mu 1965 Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe yarabitswe atarapfa mw’iradiyo ijwi rya Amerika, aragandagurwa n’Abarundi isinzi baricwa abandi barahunga, ariko Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya warihoreye.       Mu 1972 no 1973 Reta ya Kapiteni Michel Micombero yaragandaguye abantu isinzi mw’ihonyabwoko ritagira izina, abariko baratotezwa barakoma induru ariko ivyo bihugu vy’i Buraya ntaco vyavuze , kandi birazwi neza ko abari ku butegetsi bari bafise abahanuzi baturuka muri ivyo bihugu. Muri 1988 mu Makomine ya Ntega na Marangara haraguye ibara aho Reta  ya Petero Buyoya yagandaguye Abarundi ibihumbi bitanu  abandi ibihumbi mirongo itanu  barangazwa yitwaje ko harimwo ubwoko adashaka, uwo Muryango w’Ibihugu vya Buraya urorera kandi nta bihano wamufatiye co kimwe n’abari bamuri inyuma.

Mu 1993 Nyakwigendera Ndadaye Melchior , ahejeje gutsinda amatora yibaza ngo arogoroye ntiyamenya ko ari kumwe n’abaguranyi  aho bakoreshejwe na vya Bihugu bimwe bimwe vy’i Buraya bamugandagura bunyamaswa bagerageza kugira bagarukane Buyoya ku butegetsi. Kuva ico gihe  Abanyagihugu barihagarayeko intambara irasutama, baragandagurwa bunyamaswa kugeza aho intambara iba intambara koko. Ukwo kwigwanako kw’abenegihugu ntikwashimishije ibihugu bimwe bimwe vyo mu bihugu vya Buraya kuko hari bamwe muri ivyo bihugu  bavuze amajambo mabi kuko bari bashigikiye ibihweba vyabo. Mbega Umuryango w’Ibihugu vya Buraya warihe muri 1996 na 1997 igihe abarundi barenga ibihumbi bitanu bicirwa ku ruzi rujabuka mu gisagara ca  SHABUNDA mu Gihugu kibanyi ca Congo bakagandagurwa bunyamanswa na FPR-INKOTANYI zo mu Rwanda igihe zariko zishaka gufata ico Gihugu ca Congo. Abari baserukiye izo mpunzi zariko ziriruka zihunga zivuye mu kiyaya ca Rusizi, barakomye akaruru batera akamo ibihugu mpuzamakungu n’Ibihugu vyo mu Muryango wa Burayo birimwo ngo batabare  ariko ntakajambo ivyo Bihugu n’ayo mashirahamwe mpuzamakungu yigeze avuga bikaboneka ko urubanza rwo gupfa rw’izo mpunzi rwari rwamaze gucibwa. Birateye agahinda.

  1.  N’ubwo Umuhari CNDD-FDD washitse ku masezerano na Reta bari bahanganye, ibihugu bimwe bimwe vyo mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya ntivyashimishijwe n’amasezerano kuko babona ko abantu babo bari barakoranye kuva kera, bataronse ubutegetsi bwegu. Nta gitangaza rero kirimwo  uno munsi kubona vya bihugu twavuze vyo mw’Ishirahamwe rya Buraya bifata ingingo yo gusambura ivyavuye muri ayo masezerano ;
  1.  Mu 2015, Umugambwe CNDD-FDD uhejeje gushira imbere Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ngo azowuserukire mu matora ,  vya bihugu vyo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya vyabaye nk’ibiriye ipiripiri , bishigikira ku mugaragaro abashatse gutembagaza ubutegetsi, abantu baricwa nabo bazibira amaso, ibinyoma birarementanirizwa ubutegetsi nabo bapfunga amatwi, amanama yose abaye ku Burundi ivyo bihugu bigafata inyifato ihimiriza gutyoza no gusambura Umugambwe CNDD-FDDn’ubutegetsi buyikomokako, n’aha nyene barashigikira imigumuko, barashigikira  igeragezwa ry’ugutembagaza ubutegetsi mu Burundi kandi mu bindi bihugu nka Burukina Faso, za Mali n’ahandi barabirwanije ahohose ivyo bihugu bishaka kugarukana bamwe bahoze ku butegetsi.  Ntibahagarariye aho, iryo shirahamwe ryaciye rihagarika imfashanyo ryemereye Uburundi kugira babubohere amaboko i mugongo, umwasi yigarurire ubutegetsi. Uwutarabimenya ni yibaze ;
  1.  Twisunze ivyo vyose vyavuzwe aho hejuru,  Umugambwe CNDD-FDD wiyemeje ibi bikurikira : 
  1.  Gusaba umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya gusokora iyo ngingo kuko ata kindi igamije atari ugucamwo ibice Abarundi nk’uko vyasiguwe ahubwo bihutire kugarukana za mfashanyo bahagarika kuko bahanye abatari bo. Banasabwa kandi kureka kubandanya banigira Uburundi mu menshi babwima imfashanyo kuko baba bariko barafasha ababurwanya ;
  1. Guhagarika na bwango mu gushigikira abashatse gutembagaza ubutegetsi bikabata k’uwamazi babaha imfashanyo z’uburyo bwari bugeneze Abarundi kuko biboneka ko hari agatima n’inyota vyo  guheraheza wa mugambi w’ ihirikwa ry’ubutegetsi,
  1. Guhagarika no gucira imanza aho bari  abo bose bashatse gutembagaza ubutegetsi bwatowe n’abenegihugu ubu banyegejwe mu bihugu vya Buraya bitabaye uko babarungike mu Burundi intahe ibakubite mu gahanga
  1. Gutegeka ko Umuryango w’Ibihugu vya Buraya usubiza Reta y’Uburundi amahera yahomvye bifatiye kuguhagarika imfashanyo zari zamaze kwemerwa no gutangwa ivyo na vyo bikaba vyatumye ibikorwa vyari vyatangiwe ayo mahera bihagarara ;
  1. Gusaba ivyo bihugu vya Buraya gutandukanya ibibazo vya politike nivy ’ubutungane  kugirango haboneke ingingo zifatiye k’ukuri zaba izega Uburundi canke ibindi bihugu;
  1. Gutangura bidatevye ibiganiro bidakumira bizobera mu Burundi bigaha ijambo Abenegihugu bose kandi ata muhuza w’umunyamahanga abijemwo ;
  1. Kumenyesha   ko ibiganiro bitazoza bihonyanga amategeko canke ngo bisubirire ubutungane ;
  1.  Kumenyesha ko ingingo zafashwe n’Umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya zifatira ibihano Abarundi bamwe bo mu bwoko bumwe ni izo gusamaza Abarundi n’amakungu kugira ibiganiro biburabuzwe. Ntawurwanya ishaka ry’Abenegihugu kuko ico bashatse kiraba ;
  1.  Kutemera ingingo zose zifatirwa Uburundi, Uburundi butagishijwe inama canke butabimenyeshejwe kugira  bushikirize aho buhagaze ;
  1. Guhimiriza Abenegihugu kubandanya bafatanye mu nda bari umwe, birinde abashaka kubasamaza no kubacamwo ibice kuberako ubumwe aribwo buzobashikana ku ntsinzi nyakuri ;
  1. Kubandanya inzira itsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu kuko arivyo nkingi yo kunywanisha Abarundi kandi ikaba n’inguvu ryo kurandurana  n’imizi amacakubiri ayari yo yose mu Gihugu ;
  1. Kubandanya inzira y’imibano myiza kabone n’aho Uburundi bwosomborotswa kuko Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako barajwe ishinga n’amahoro ku Barundi, umuvukano mu bihugu bibanyi n’Amakungu.

                                     Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 3 Gitugutu 2015
                                                Umushingamateka Pascal NYABENDA

                                               Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD 

3 octobre 2015

About Author

Willy