Umugambwe CNDD-FDD urakeza Umunyamabanga wa mbere yatowe mu mugambwe PCC muri Cuba
Non classé

Umugambwe CNDD-FDD urakeza Umunyamabanga wa mbere yatowe mu mugambwe PCC muri Cuba

Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, arakeza Nyenicubahiro Miguel Diaz-Canel Bermudez, Umunyamabanga wa mbere w’Umugambwe uri ku butegetsi akaba n’Umukuru w’Igihugu ca Cuba, nk’uko biri mu butumwa yamurungikiye kw’igenekerezo rya 22 ndamukiza 2021.

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yarakeje cane Umugambwe PCC “Parti Communiste de Cuba” washoboye gutunganya neza ikoraniro ridasanzwe rigira umunani, ryabaye kw’igenekerezo rya 19 ndamukiza 2021, iryo naryo rikaba ryatanze Nyenicubahiro Miguel Diaz-Canel ngo abe Umunyamabanga wa mbere w’uwo Mugambwe. Yarongeye aramenyesha uwo aramutswa Umugambwe muri ico gihugu ko ari intambwe idasanzwe mu mateka y’ico gihugu ndetse no bijanye na poritike ya Cuba.

Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO yaboneyeho kandi kumenyesha Mugenzi We wa Cuba ko yizeye atagukekeranya ko  barongowe na Nyenicubahiro Miguel Diaz-Canel Bermudez,  abenegihugu bavukanyi ba Cuba bazoshobora gutorera inyishu ibibazo bihanze ico gihugu bisunze imigabo n’imigambi hamwe n’ivyapfundikiwe mw’ikoraniro rigira umunani ry’uwo Mugambwe « PCC ».

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yasozereye ubutumwa bwiwe yipfuriza Mugenzi we, amagara meza n’imigisha mu mabanga ahambaye arimwo, yo kurongora Umugambwe n’Igihugu.

Twobamenyesha ko Nyenicubahiro Miguel Mario Diaz-Canel Bermudez, asanzwe ari umukuru w’igihugu ca Cuba asubiriye mu mabanga Jenerari Raul Castro Ruz yahoze arongoye ico gihugu akaba n’umwe mu ntwari mu rugamba rw’igihugu ca Cuba aho yarikumwe n’izindi ntwari nka Fidel Castro basanzwe bavukana na Ernesto Che Guevara.

Umugambwe PCC ufitaniye ubucuti bwimbitse n’Umugambwe CNDD-FDD, bugaragazwa n’ugufashanya mu bisata bitandukanye, n’ingendo zitandukanye zihuza intumwa z’iyo migambwe.

22 avril 2021

About Author

Communication


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *