Amatangazo

ITANGAZO NO 002/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 02 RUHUHUHUMA 2016

Inama igira 26 y’Abakuru b’ibihugu b’Ubumwe bwa Afrika yarerekanye ko batahuye Abenegihugu b’Abarundi nabo bakaba bazobasubiriza mu ndumane

  1. Kuva mu kwezi kwa Rusama 2015, Uburundi bwagiye buragirirwa inama z’urutavanako z’Abakuru b’Ibihugu b’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, iz’Abakuru b’Ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika mbere n’Izishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Iki gihugu carakurikiranywe bidasanzwe kandi bihagije kuko cagiye gisanga kiriko kirategurirwa imigambi igayitse n’Ibihugu vya Buraya, Amerika n’Urwanda kugirango bagisambure. Muri ico gihe cose, impande zibiri zaribonekeje mu gihe cose inama zaba, haba kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 mu Nama y’Abakuru b’Ibihugu ba Afrika y’Ubuseruko yabereye i Dar –es-Salaam, Mu Nama y’Abakuru b’Ibihugu b’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko yo ku wa 31 Rusama 2015 yabereye i Dar –es-salaam, mu Nama y’Abakuru b’Ibihugu b’Ubumwe bwa Afrika yabereye i Johanesbourg muri Afrika y’epfo yabaye kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2015, n’izindi n’izindi. Inama nyinshi z’Inama Ijejwe Umutekano ya ONU zaratunganijwe kandi igihe cose haboneka abashaka guhonyanga agateka k’Uburundi n’abandi bama bashaka ko kubahirizwa. Inama igira iya 26 y’Abakuru b’Ubumwe bwa Afrika yabereye i Addis Abeba yabaye kuva ku wa 30-31 Nzero 2016, yarabamwo kandi abashigikira bimwe biboneka Uburundi kugira busohoke rugabo mu ngorane za poritike n’umutekano burimwo kandi hubahirijwe ukwikukira kwabwo n’ubwigenge bw’Igihugu. Umugambwe CNDD-FDD ufashe aka karyo kugira ushimire bimwe biboneka abo Bakuru b’Ibihugu, ayo Mashirahamwe y’Akarere Uburundi buherereyemwo, Amakungu be n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ribicishije mu ngingo yaryo No 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 ryerekanye ko ryahavuye ritahura ingorane zo mu Burundi n’aho habaye ibinyoma vyinshi vyaza birashikirizwa kugira ngo igihugu n’abenegihigu batyozwe maze bahereko babashire ku ntwaro ya gikoroni y’abasoda mpuzamakungu ;
  1. Nk’uko umugani w’Ikirundi ubivuga, umugenzi mwiza abonekera mu magorwa. Umugambwe CNDD-FDD urazi neza ko ivyo bihugu bitandukanye n’Abenegihugu bavyo navyo bisanzwe vyifitiye ingorane i wabo ariko bikaba vyabandanije bishigikira Uburundi mu ntumbero yo kubufasha gusohoka rugabo muri ivyo bihe bigoye, na cane cane mu gusozera Inama y’Abakuru b’Ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika igira iya 26 yaraye ifashe ingingo nziza itera iteka n’intege Abenegihugu bo mu Burundi mu kubandanya baja imbere mu biganiro bihuza Abarundi ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD ntiwibagiye no kumenyesha ko utashimishijwe n’Ibihugu bimwe bimwe n’Amashirahamwe amwe amwe, hatibagiwe ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vy’i Buraya bitahengeshanije kwerekana ingendo zavyo za gikoroni zirwanya Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo.Ingendo igayitse ya Samantha Power, Louis Michel n’abo bafatanije hamwe na Kagame yariyerekanye mu gushaka gusambura Demokarasi itaratsimbatara mu Burundi mu kurondera gushira ku butegetsi Reta Mfatakibanza y’amagaburanyama irongowe na Petero Buyoya. Uwo mugabo amaze gutembagaza ubutegetsi gatatu kose rero n’ubu akaba ashaka kugarukanwa ku butegetsi irigira kane hakoreshejwe bimwe vya G7 na G10 ; iyo hataba ukuhabera magabo, ugukunda igihugu, ukwikundira demokarasi kw’Abenegihugu bo mu Burundi bagategura ibombe yari yatezwe na ba Petero Buyoya itarameneka, ibara riba ryaraguye mu gihugu. Umugambwe CNDD-FDD urashimiye Abagumyabanga bose n’incuti zawo bo babandanije bawushigikira bakirinda gusubiranamwo, bakigumira hamwe kandi bashize hamwe mu runani rw’intamenwa ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD uriyamirije wivuye inyuma ivyiyumviro vya gikoroni vya Paul Kagame w’Urwanda kubona yarateguye umugambi wo gutera Uburundi kugira ngo atware iki gihugu abicishije mu ruyeri rw’amoko rwari rwateguwe gukoreshwa nk’uko yabigenjeje mu gihe ca FPR-Inkotanyi. Abakunzi ba demokarasi b’Abarundi baribukije Urwanda ko iyo hataba ugufashanya no gushigikirwa mu vya poritike na gisirikare na MINUAR, FPR-Inkotanyi ntiyopfuye ifashe igihugu c’Urwanda kandi naho nyene poritike y’ihonyabwoko no kugira Abanyarwanda bamwe incungu kugirango akunde ashikire igihugu ni vyo yakoresheje, ivyo navyo akaba yashatse kubikoresha mu Burundi, aho vyaciye bigaragara ko ijambo ihonyabwoko ryakoreshwa ryari rigamije gutegura Abarundi n’Amakungu ku vyo bari bagiye gukora ariko basanga bategerezwa kuvyegeka kuri CNDD-FDD na Reta yayo, ivyo navyo bikabata k’uwamazi, barahava barahinyuka ;
  1. Birababaje kandi kubona Kagame yadurumbanije umutekano w’Uburundi ariko akaba atigeze atungwako agatoke n’umuntu n’umwe wo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ubumwe bwa Buraya, Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, mu gihe ayo mashirahamwe yabandanije ashaka gusubiza Uburundi mu buja bw’Abakoroni mu gushaka gutegeka ko harungikwa inteko mvamakungu. Aha abenegihugu bo mu Burundi ntibokwihenda kuko abakunzi ba demokarasi barabonye ingene MINUAR yashikanye FPR-Inkotanyi ku butegetsi mu Rwanda. Ico gisoda mvamakungu rero nta kindi cari gukora uretse gusubiza ku butegetsi Petero Buyoya bisa n’uko arongoye umurwi ugizwe na G7 na G10. Kagame yashaka gusubira kuzana mu Burundi ivyabereye mu gihugu ciwe. Yaragerageje gushinga ikiroberi ahezagiwe n’abanyeporitike b’abanyaburaya uhereye kuri Louis Michel na bagenziwe muri ca ciyumviro co kugarukana ku butegetsi G7 na G10 vya Buyoya akoresheje uburyo bwo gutembagaza ubutegetsi kugira hashingwe Reta y’imfatakibanza. Rero, ugukoresha ijambo ihonyabwoko n’amoko ni nk’ingazi abanyeporitike batagira ivyiyumviro vy’imigambi bahereza abenegihugu babo bakoresha mu gushikira ubutegetsi batavunitse ;
  1. Abari bateguye ihonyabwoko nk’umutahe w’urudandazwa baramaramaye, hanyuma barahindura umukenyuro, bakoresha ijambo ry’ «ibinogo bihambwemo abantu benshi » nk’umutahe mushasha w’urudandazwa. Ubugirakandi, Amashirahamwe Mpuzamakungu Human Rights Watch na Amnesty International, akoresheje ibimenyeshamakuru mpuzamakungu bikoresha ubuhinga bwa none yaciye asimbira kw’isunzu ry’inzu yemeza ko amasanamu y’ibigendajuru yabonye ibinogo bishasha bihambwemwo abantu benshi ivyo navyo bakaba babikora mu ntumbero yo kutemera ko ibinyoma vy’ihonyabwoko vyabasambukanye. Hirya y’ejo ryari ihonyabwoko, iryo honyabwoko ntiryabaye ivyo bikaba vyari gutuma harungikwa inteko mvamakungu mu Burundi. Abo bantu nyene, bo bene gutegura ico kinyoma, bemeza ko ibigendajuru vyabonye ibinogo bihambwemwo abantu benshi, aho hose kukaba ari ugushaka ko ca gisoda mvamakungu kirungikwa mu Burundi kugira gice gishigikira ibihweba vyabo bafate ubutegetsi ku nguvu, gurtyo rya honyabwoko ribe. Kw’igenekerezo rya 17 Kigarama 2015, Petero Buyoya n’abiwe bavuga ko ihonyabwoko ririko riraba mu Burundi nawe Kagame yakoma amashi kuko yari aronse « abanyeshure b’ihonyabwoko beza ». Ng’ivyo rero ibishasha mu gusigura ihonyabwoko ; basigaye bakoresha ibinogo bihambwemwo abantu benshi. Ico bibagira ni uko kahise k’Igihugu kerekana ko Uburundi bwuzuyemwo ibinogo bihambwemwo abantu benshi, rero ico kibazo c’ibinogo bihambwemwo abantu benshi ni ikibazo gihariwe Komisiyo y’Igihugu Yigenga ijejwe Agateka ka Zina muntu (CNIDH) na Komisiyo ijejwe Ukuri no Kunywanisha Abarundi (CVR), nta wundi muntu afise uburenganzira bwo kugifata mu minwe. Kubera iki barementanya ihonyabwoko nk’inzira yo gushikira ubutegetsi ?
  1. Ku rundi ruhande, ibimenyeshamakuru vy’i Buraya vyarakoreshejwe n’abanyeporitike babi nka Louis Michel, aho bakoresheje Bernard Maingain na Tereviziyo France 3 nk’abatekamutwe kugira bakome akaruru ngo ihonyabwoko ririko rirakorwa. Iryo honyabwoko nyene ryari ryavuzwe na Louis Michel na Marguerite Barankitse mu nama bagirishije i Louvain –La-Neuve ku wa 17 Kigarama 2015, bukeye naho, ku wa 18 Kigarama 2015 iciyumviro kije giturumbuka ca MAPROBU caciye giseruka kizananye mu mutwe w’Ubumwe bwa Afrika cane cane kizananye kwa Nkosazana Dlamini-Zuma na Smail Chergui ngo ni harungikwe mu Burundi inteko mvamakungu 5000, ata kindi zari kuba zije gukora atari ugusambura inzego zitorewe n’abenegihugu muri demokarasi. Ng’uko rero ingene Ubumwe bwa Afrika bwumva Demokarasi mu Burundi. Ubumwe bwa Afrika butavuga n’ijambo na rimwe ku Rwanda rudurumbanya Uburundi, ariko burushigikira mu vyiyumviro vy’amoko. Ntibagira isoni ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urakomye amashi menshi mu gushimira abo bantu bose bahagurutse be n’Indongozi zose za Afrika bakoze nka Louis Rwagasore, Kwame Nkurumah, Julius Nyerere, Nelson Mandela, Mouamar Kadhaffi… bashoboye kwiyamiriza ivyiyumviro vya gikoroni kugira bateze imbere Ukwikukira n’Ubwigenge bw’Abenegihugu be n’ugushigikirana kw’ibihugu nk’uko biri mu ciyumviro co gukorera hamwe (Panafricanisme) muri bino bihe vya none kandi vyipfuzwa ;
  1. Iri tangazo ntiryorangira Umugambwe CNDD-FDD udashimiye cane Abagumyabanga bagumye bagize urunani mu kubandanya bashigikiye bimwe vy’imvamutima Umugambwe wabo CNDD-FDD, baguma ku Bumwe bw’Abarundi no gukunda igihugu cabo. Umugambwe CNDD-FDD ntiwibagiye kubabwirako ivyaraye bipfundikiwe mu nama igira 26 y’Abakuru b’Ibihugu b’Ubumwe bwa Afrika ari igisubizo canyu. Ku nzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi, ukwitanga kwabo niko kwazanye ino nyishu y’iteka.Umugambwe CNDD-FDD urangije ushimira cane Abakuru b’Ibihugu bafashije mu kwumvisha bagenzi babo n’Ubumwe bwa Afrika ingene ikibazo giteye n’umuti ubereye w’ibiganiro kugira ngo demokarasi itsimbatare kurusha mu gihugu.

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 02 Ruhuhuma 2016

Umushingamateka Pascal Nyabenda,

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

3 février 2016

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *