Amatangazo

ITANGAZO NO 001/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 05 NZERO 2016

ITANGUZWA RY’IBIGANIRO HAGATI Y’ABARUNDI VYABEREYE I KAMPALA MU GIHUGU C’UBUGANDE KU WA 28 KIGARAMA 2015.

  1. Kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2015 i Kampala mu Gihugu c’Ubuganda haratangujwe ku mugaragaro ibirori vyo kugurura icese ibiganiro hagati y’Abarundi bihagarikiwe na Nyenicubahiro YOWERI KAGUTA Museveni, Umukuru w’Igihugu c’Ubugande ;
  1. Muri ivyo birori hari hatumiwe abaserukiye Reta y’Uburundi, Umugambwe CNDD-FDD, bamwe mu ndongozi z’Imigambwe itavuga rumwe na Reta ariko bemera demokarasi, indongozi nka zose ziserukira imigambwe y’intagondwa itavuga rumwe na Reta kandi yanagerageje gutembagaza ubutegetsi ikaba yari igizwe ahanini n’abaserukira ibimenyeshamakuru, abari muri y’ Amashirahamwe yiyita ko adaharanira inyungu za politike, abaserukiye amadini atandukanye bagaragaje uruhara rudasanzwe mu migumuko ivanze n’ubwicanyi yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 mu Burundi. Kuri iyo mirwi yose hiyongereyeko igitigiri kinini c’Abaserukira ibihugu vyabo n’Amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye ama Reta tutibagiye Amashirahamwe yo mu turere Uburundi buherereyemwo ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD ufashe aka karyo ko gukengurukira Nyenicubahiro YOWERI KAGUTA Museveni, naho yari mu bikorwa bihambaye vyo kwiyamamaza kugira ngo yongere kwitoza mu mabanga yo kurongora igihugu, atako atagize mu guhagarikira we nyene ubwiwe iyugururwa ry’ivyo birori ;
  1. Bisanzwe bizwi kw’intango yama igorana kandi bisanzwe binagoye gutegekanya vyose kuburyo ushimisha bose. Umugambwe CNDD-FDD ubona ko utugorane twibonekeje mw’itunganywa ry’ivyo birori vy’intango twoganirwako neza hagati y’Umuhuza na Reta y’Uburundi kugira ngo hatangwe intumbero ibereye muri uwo mugambi w’ibiganiro hagati y’Abarundi maze bishike kuntumbero yavyo ata ngorane zibayemwo. Ntaco utazokora kugira ngo ivyo biganiro bize bishikane Abarundi ku ngingo zibereye kandi zirama hisunzwe demokarasi hamwe n’ibihe turimwo mu kwirinda kugarukana inyifato zitabereye zaranze ibiganiro vya Arusha, ibiganiro vyabaye hagati y’akarwi k’abanyepolitike bari barajwe ishinga n’amagaburanyama aho kuba koko ibiganiro hagati y’Abenegihugu bose bo bene ubutegetsi bisigura rero ko wa murwi utunganya ibiganiro hagati y’Abarundi CNDI utegerezwa kugira uruhara ntangere mu kumviriza Abenegihugu atanumwe akumiriwe kikaba kizira rero kuvuguruza ico Abenegihugu bapfunditse mu matora aherutse mu 2015 ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urakeje Umuhuza ku kugene yavyifashemwo mu kwubahiriza ivyapfunditswe n’Inama Nkuru y’Umutekano y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ngingo yayo ya 2248 yo ku wa 12 Munyonyo2015 , Amasezerano y’Amahoro ya Arusha, Ibwirizwa Nshingiro ry’Uburundi no mu kudoma urutoke ku ngorane abarundi benshi batipfuza kuvuga ku mugaragaro uko iri iyo nayo ikaba ari: « ugutunganya ingendo ya demokarasi itanga uburenganzira bw’umutekano kuri bose ». Ariko ntivyumvikana ingene Umuhuza yoca arenga iyo ngingo nyene mu gutumira abashatse gutembagaza ku nguvu inzego zatowe n’Abenegihugu italiki 13 Rusama 2015 no mu bindi bihe. Nubwo biruko Umuhuza yarumvise ivyiyumviro vyo gukurakuranwa ku butegetsi hisunzwe amoko , abandi bashikiriza amakenga bafise ko bidashoboka kw’inkehwa zigaruka ku butegetsi biciye mu matora ari navyo bisigura gushikira ubutegetsi hakoreshejwe itembagazwa ry’intwaro hakoreshejwe iterabwoba nkuko duherutse kubibona mu mwaka uheze, abandi nabo bashikiriza ko atari bo bafise ubutegetsi igihugu copfuma kizimangana. Ni uko rero ingorane nyamukuru zihanze igihugu zaraye zigiye ahabona, na kare barayamaze bati : « ibuye riserutse ntiryica isuka » ; 
  1. Umugambwe CNDD-FDD ntiwahengeshanije kwerekana ko ikibazo co kumenya igituma hama ingorane iyo amatora ageze imbere n’inyuma yayo kugera naho haseswa amaraso y’inzirakarengane. Mu mwaka wa 1961, Umuganwa Rudoviko RWAGASORE, Incungu y’Ukwikukira kw’igihugu cacu yaraganduwe hamwe n’umuryango wiwe amatora yari yaraye aheze, Umugambwe UPRONA wari watahukanye intsinzi. Kubera iki Umuganwa atari umugani yaciye agandagurwa  ? Mu mwaka wa 1965 Umushikirangoma wa mbere w’Uburundi Petero NGENDANDUMWE, yafatwa nk’ indongozi ya kabiri muri UPRONA mu 1961 inyuma ya RWAGASORE nawe nyene yaragandaguwe akurikizwa ko isinzi z’incabwenge zari zimushigikiye muri ico gihe mu Mugambwe UPRONA. Ivyo vyaterwa n’iki? Mu mwaka wa 1993, Nyenicubahiro NDADAYE Melchior, Umuhutu wa mbere yari yitorewe n’Abenegihugu akongera akaba n’Incungu ya Demokarasi nawe nyene yaragandaguwe bunyamanswa hamwe n’isinzi ry’Abenegihugu bakunda demokarasi baricwa izuba riva atacamira. Abacitse kw’icumu ry’ubwo bwicanyi butagira izina hamwe n’iryo honyabwoko bugaraniwe mu bigo vyiswe « amakambi y’ihonyabwoko nkamwe y’aba nazis » canke « amacuniro » aho abenegihugu barenga 500.000 bishwe nk’insazi kubera bimwe amazi n’imfungurwa. Mu mwaka wa 1996, impunzi 5.000 z’Abarundi zahunga intambara y’abarwanyi ba FPR-Inkotanyi mu Kiyaya ca Rusizi mu gihugu kibanyi ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo (DRC) zaragandaguwe bunyamanswa n’abo barwanyi ba FPR-Inkotanyi mu rwinjiriro rw’Igisagara ca Shabunda batabwa mu ruzi rukikuje ico gisagara mu gacerere ntangere ka Bill Clinton yaramutswa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika kandi uwo nawe akabayakomoka mu mugambwe w’ Abademokrate . Mbega ivyo vyose cari ikiringo ca gatatu canke vyari binyegeje ikindi kintu ? Itembagazwa ry’ubutegetsi ryarabaye urutavanako mu Burundi yamara Amakungu ntiyigeze arukura mu kanwa kubera ko yari azi iyo migambi igayitse. Mu mwaka wa 2015, Ibihugu bimwe bimwe vyo mu makungu navyo nyene vyakoresheje ayo mayeri kugira ngo bihindure ibintu uko bavyipfuza no guhonya abenegihugu bashigikiye intwaro ya demokarasi, ngo bikunde bashire kubutegetsi abo bashaka, Imana yo nyene niyo izi aho izo nteguro za Shetani zizoherera. Umuhuza mu biganiro hagati y’Abarundi aracafise igikorwa kidasanzwe kubera ko ategerezwa guha uburenganzira Abarundi bwo kumenya icateye ivyo biza vyose n’uruhara rw’umwe umwe wese muri ivyo vyadondaguwe . Umuhuza arongeye kumenyeshwa ko Umugambwe CNDD-FDD ushigikiye ko ibiganiro bibera mu Burundi no hanze bikaba vyumvikana rero ko CNDI n’Umuhuza bategerezwa gukorana ku mugaragaro kugira ngo bunganiranire ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD uremeza ko igihe kigeze ko Abenegihugu bokwongera bagaterera akajisho inyuma muri kahise kabo kadashemeye kubera ingorane zagiye zirabashikira, bagatohoza bakanashishoza imitwe itekanye ata musunikano ugiyemwo igihe cose bizoba bikenewe kugirango ukuri kuvyabaye kuje ahabona, demokarasi yipfuzwa izana umutekano kuri bose ishikweko. Kukaba nkako kwumvisha abantu ukuri gushikaho badatinya ingendo ya demokarasi si ikintu coroshe kuko bategerezwa guhumurizwa mu kubereka agaciro ko kwitorera indongozi no kubereka ko inzira ya demokarasi yubahiriza ba nyamwinshi n’inkehwa . Si mu mubonano hagati y’abantu 50 hazoboneka inyishu zirama ku bibazo igihugu gifise. Nyenicubahiro YOWERI KAGUTA Museveni, yashinzwe Amabanga ahambaye asaba ubwitonzi ntangere n’ubushishozi buhambaye kuko igikorwa c’ibiganiro bibera hanze hari abacitezeko vyinshi kubera ko atoshobora guhuza Abenegihugu bose kandi umwumwe wese yipfuza kubigiramwo uruhara. Umugambwe CNDD-FDD urabona ko ibintu vyokwitonderwa umurwi ujejwe ibiganiro mu gihugu CNDI ugakora wivuye inyuma hagati mu gihugu kandi ukazoshikira n’Abenegihugu bari hanze gurtyo ibiganiro ntihagire uwo bikumira. Umugambwe CNDD-FDD urangije wipfuriza umuhuza kuroranirwa muri ivyo biganiro vyo hanze y’uburundi ukanabipfuriza kandi Umwaka Mushasha Muhire wa 2016.

 

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 5 Nzero, 2016

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD,

Umushingamateka Pascal NYABENDA

6 janvier 2016

About Author

Willy


Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *