Amatangazo

ITANGAZO NO 036/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 15 NYAKANGA 2015

Abo bica abantu ntibazi ico bakora, ni ibinywamaraso gusa


Abanyepolitike b’intagondwa baterekwa ubutegetsi bahisemwo inzira idashika. Haraheze iminsi hibonekeza ubwicanyi bukorerwa abantu bamwe bamwe na cane cane indongozi ziri mu nzego zijejwe umutekano n’abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta. Uturorero ni nk’igandagurwa ry’uwahoze arongoye Umugambwe UPD-Zigamibanga Zedi Feruzi mu kwezi kwa Rusama, ukuraswa kw’intwazangabo irongoye ikirindiro gicunze ikigo ca Radiyo na Televiziyo vy’igihugu  Liyetena Koloneli Sindaye Dismas mu kwezi kwa Mukakaro, igandagurwa ry’intwazangabo Liyetena Jenerali Nshimirimana Adolphe ryabaye ku wa 2 Myandagaro 2015 atewe ibisasu vya roketi aho yagandaguranywe n’abapolisi babiri (2) mu bamucungerera umutekano, igandagurwa rya Koloneli yakukurutse mu gisirikare c’Uburundi Bikomagu Jean, ku wa 15 Myandagaro 2015.
Kw’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2015 Gahungu Patrice yavugira Umugambwe UPD-Zigamibanga yaragandaguwe. Abo bansi barahatswe no kugandagura Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaraniheto Jenerali Major Niyongabo Prime bakoresheje ibisasu vy’amaroketi, ico gitero kikaba carahitanye ubuzima bw’abasirikare batatu (03) mu bamucungerera umutekano, hamwe na babiri (2) bo muri izo nkorabara bishwe.

  1.  Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi ubwo bwicanyi butagira izina bwerekana ko abo babukora ntaco bafise boha Abarundi atari ubwicanyi no gusesa amaraso ; kuko politike yo kwica ntakibanza ifise mu ntwaro ya demokarasi.
  1. Umugambwe CNDD-FDD urifadikanije na bo bose bariko babura aba bo bari mu nzego zo gucungera umutekano hamwe n’Abagumyabanga bazimanganirizwa ubuzima kuko  baharanira amahoro, umutekano bakazira no gutsimbataza ubumwe bw’Igihugu.Uboneyeho n’akaryo ko gushigikira intwari Jenerali Prime NIYONGABO Umukuru w’intwaramiheto mu migambi yiwe no gushimira Imana  kubona yaraye arusimvye italiki                  11 Nyakanga 2015.
  1. Umugambwe  CNDD-FDD  ukaba usavye ushimitse ko abategura ubu bwicanyi abo aribo bose naho bari hose ko bofatwa bagahanwa hisunzwe amategeko. Leta isabwe kwikora ku gipolisi mpuzamakungu kugirango gifashe mw’ihagarikwa ry’abo bicanyi;
  1.  Umugambwe CNDD-FDD uributsa abo banyepolitique bintagondwa n’ababafata mu mugongo guhagarika mu maguru masha ubwo bwicanyi busobanura abantu kuko igikorwa c’ubwihevyi ntibwibagiranwa nico kimwe n’igikorwa c’ihonyabwoko. Ibiganiro ntibishobora kuzimanganya ibikorwa vy’Abihevyi canke ibikorwa vy’ Ihonyabwoko ;
  1. Umugambwe CNDD-FDD urangije uhamagarira Abarundi muri rusangi na cane cane Abagumyabanga kuguma barikanuye, ntibihebure, barushirizeho nyabuna kuguma bafatanye mu nda kuko umwansi arondera aho yoca ngo asambure Umugambwe CNDD-FDD hamwe n’Igihugu cose. Urasavye Abarundi n’Amakungu guhagarika ingingo yo guhagarika gushigikira Uburundi mu bikorwa vy’Iterambere vyari biteguriwe Igihugu c’Uburundi kubera ko Leta y’ugururiwe bose iri ku kivi   kandi akaba ata muntu numwe kw’Isi yoshigikira ubwicanyi busobanura abantu mu gihugu.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 15 Nyakanga 2015

Umushingamateka Pascal Nyabenda,

 Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

15 septembre 2015

About Author

Willy