Amatangazo

Umugambwe CNDD-FDD wagize ibiganiro ingendo mu bikorwa vyawo vya minsi yose

IBIMENYESHEJWE N’UMUGAMBWE CNDD-FDD

Akahise k’Umugambwe CNDD-FDD kagiye kararangwa n’amanama  be n’amakoraniro akomakomeye ku rwego rw ‘igihugu, ivyo navyo bikaba vyari bifise intumbero yo gutsimbataza akarangamutima mu Bagumyabanga. Eka no hanze yawo haratunganijwe amakoraniro menshi, hakaba haranabaye ibiganiro vyahuje Reta ya kera n’Umuhari CNDD-FDD. Ivyo biganiro vyamaze imyaka atari mike.Ivyo biringo vyose vy’amanama mu kahise k’Umuhari CNDD-FDD vyatumye haba intambwe  uko bukeye uko bwije, Umuhari urisununura mu nzira yo guhabuza umwidegemvyo na demokarasi. Amatora  y’Abenegihugu amaze kuwushikana ku buyobozi bw’Igihugu mu 2005, Umugambwe CNDD-FDD wabandanije unyengetereza ingendo y’ibiganiro mw’itunganywa ry’ivy’Abenegihugu, ari vyo twita Ubutegetsi. Ibihe nkoramutima bimwe bimwe bigiye kwibutswa muri rino tangazo.

  1.  Ibihe vyaranze ugutera imbere kw’umuhari CNDD-FDD :
  1. nk’uko abenshi babizi, itariki  ya 24 y’ukwezi kwa Nyakanga 1994 yibutsa Abarundi bose na cane  cane Abagumyabanga ishingwa ry’Umuhari CNDD-FDD inyuma y’ibiganiro vyari vyabaye  hagati y’abakunzi ba demokarasi n’abipfuza guhabuza ukwishira n’ukwizana mu Gihugu ;
  1. ugutsimbataza umugirwa w’ibiganiro mu Bagumyabanga b’Umuhari CNDD-FDD kwahindutsemwo  ubundi buryo bwo kubaho mu buzima bwa minsi yose, mu nzira yo kubahimiriza kumva kumwe intambara y’ico gihe n’ingene boyitwaramwo, mu gutorera inyishu za politike n’imibano   ku bibazo  vyagenda biravuka ;
  1.  umwaka w’1998 waranzwe n’ugusezerera ku burongozi bw’Umuhari CNDD-FDD Léonard Nyangoma, kubera ko atari akigendera  ya ngendo yo gushira imbere na ntaryo ibiganiro mu gutunganya ibikorwa vyasabwa  kugira ngo urugamba rubandanye rutera imbere ;
  1.  mu mwaka w’2002, uwahuza ibikorwa mu Muhari  CNDD-FDD Jean Bosco Ndayikengurukiye nawe nyene yarasezerewe mu kibanza co kurongora abandi kubera ko yari yarafashe ingendo yo kwizibirirako nk’ifuku, agafata ingingo zega Abagumyabanga bari ku rugamba wenyene ku gatwe kiwe, aho yasa n’uko yatunganya Umuhari nk’itongo ryiwe. N’aho nyene yarahonyanze ya ngendo y’ibiganiro, bica bimuviramwo ukubogozwa mu mabanga yari ajejwe yo kurongora Umuhari CNDD-FDD ;
  1.  umuzo wa Nyenicubahiro Petero Nkurunziza ku buyobozi bw’Umuhari CNDD-FDD mu 2003 waciye mu nzira y’ibiganiro bikomeye vyari vyavuye mw’ikoraniro rikuru ry’Umuhari CNDD-FDD aho Abagumyabanga bari bitavye iyo nama ikomeye bamuhunze amajwi bose ; impundu ziravuga, abakobereza barakobereza, abatamba baratamba, ivyo bikaba vyari bitandukanye n’ingendo zari zimaze iminsi zikurikizwa, aho uwarongora Umuhari yumvikana n’abantu bakeya ; bakitunganya hanyuma bagacakira ;
  1. muri iryo koraniro rikuru ryashize Nyenicubahiro Petero Nkurunziza kw’isonga ry’Umuhari CNDD-FDDharashikirijwe ivyipfuzo  vy’ ukutazohemukira na rimwe ingendo y’ibiganiro, kanatsinda ni yo yatsimbataza demokarasi mu nzego zitandukanye z’Umuhari  CNDD-FDD mbere no mu Bagumyabanga bose.Uwari ahejeje gutorwa yaciye arahira kuzohagararira na ntaryo iryo banga imbere y’abari bahejeje ku muhunda amajwi nabo baca bamukomera amashi menshi.
  1. Imbere y’uko Umuhari CNDD-FDD  winjira muri Reta mfatakibanza wabanje gutunganya ibiganiro hagati yawo n’Abagumyabanga, aho bongeye kwemeza kugendera inzira y’ibiganiro, kandi inatsimbatazwe  n’inyuma ya Reta mfatakibanza. Ni muri iyo ntumbero hatunganijwe amakoraniro makuru y’UmugambweCNDD-FDD yabereye mu ntara za  Bururi,  Gitega,  Ngozi,  Bujumbura, Muyinga, Makamba n’ahandi, aho hose kugira ngo umutima w’ibiganiro ube inzira yo gukomeza Umuhari CNDD-FDD n’akarangamutima k’Abagumyabanga;
  1. Hishimikijwe ibikorwa rusangi, umutima w’ibiganiro wagiye urashirwa imbere mu bikorwa vyaba vyiyumviriwe bikongera bigatunganywa n’Abenegihugu ubwabo, na cane cane ko iyo migambi yaba yiyumviriwe na beneyo, bakaba ari nabo bayishira mu ngiro ; Reta nayo be  n’abagiraneza bakaza kwuhirira;
  1. Iyo ngendo y’ibiganiro yaratandukiriye no muri Reta aho itunganywa ry’imigambi mikuru mikuru y’Igihugu ryagiye ribanza kuganirirwako  n’abo vyega, eka n’abenegihugu bagasabwa kugira ico barivugako. Aha twovuga nk’umugambi w’ikimpumbi (OMD), umugambi  w’ishusho y’Uburundi mu 2025, umugambi wokurwanya ubukene wa mbere n’uwakabiri (CSLP I,  II), umugambi w’igihugu wo gutsimbataza umutekano mu gihugu, ibwirizwa rigenga amatora, umugambi wo gushinga umugwi w’igihugu ujejwe ukuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR), ihuriro ry’imigambwe ryavuye mu biganiro mpuzabarundi (cadres de dialogue), n’iyindi. Kuri iyo migambi yose hongerwako inama nkuru y’ubutungane, inama nkuru y’abamenyeshamakuru, amanama yagiye araba ajanye no kurwanya SIDA na malariya, amanama makuru yagiye arahuza abajejwe indero, uburimyi n’ibindi, hadasizwe inyuma ishingwa ry’amareta hisunzwe inzira y’ibiganiro hagati y’abo vyega, hamwe n’imyiherero yagiye iratunganywa na Reta, imigambwe ya politike eka n’amashirahamwe, hose bakaba bagiye barisunga ibiganiro ;
  1.  Twisunze ivyo duhejeje kudondagura, Umugambwe CNDD-FDD :
  1. urongeye kwemeza ko uzobandanya inzira ya demokarasi watanguye kuva ukiri Umuhari aho Abagumyabanga bitanze gushika n’aho batanga ubuzima bwabo kugeza n’uno munsi, aho hose baharanira ugushira imbere ibiganiro mu bikorwa vya minsi yose vy’abanyepolitike eka n’ivy’Abenegihugu ;
  1. uribukije kandi abo bose bawumva ko ibiganiro vyamaze kwinjira mu mibereho y’Abagumyabanga babushitse, ahubwo hakaba hakenewe guterwa intambwe y’uko iyo ngendo  yinjira mu mico n’imigenzo y’Abarundi bose na cane cane abakunzi ba demokarasi. Uburorero bwagiye buratangwa  n’aho butadondaguwe bwose burerekana ko iyo ngendo yatanguye kunyengetera mu buzima bw’UmugambweCNDD-FDD ;
  1.  urongeye gutera akamo wongera umenyesha ko Reta ihurikiyemwo bose yaraye ishinzwe hisunze ibiganiro hagati y’impande zose zerwa  n’ico kibazo, aha twovuga nk’imigambwe ya politike, abari mu nzego z’umutekano, abadafise aho begamiye nk’uwujejwe ubushikiranganji bwo kwivuna abansi be  n’uwujejwe ubutungane, abaserukiye urunani rw’abigenga, abaserukiye abamenyeshamakuru, abaserukiye amashirahamwe y’abakenyezi.  Kandi iyo Reta nshasha yashinzwe hishimikijwe ingingo y’129 yo mw’ibwirizwa nshingiro be n’urubanza No RCCB 312 rwa sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro, rwo ku wa 17 Myandagaro 2015 kugirango abanyepolitike bose bavyipfuza kandi babirekuriwe n’amategeko, igihe bakwije ica mirongo ibiri mu matora y’abashingamateka, baronke uburenganzira bwo kuja muri Reta ;
  1. uriyemeje kubandanya iyo nzira y’ibiganiro kuko ariyo soko ya  demokarasi ariko bikaba bizwi ko iyo nzira itanezereza na gatoya abanyepolitike bamwe bamwe banyegewe n’amacakubiri,  aho babona ko inzira itomoye yo gushikira no kunyaga  ubutegetsi bw’Abenegihugu bategerezwa kubicisha mu myiyerekano y’ubunyamaswa,imigumuko, ubwicanyi burobanura, ugutembagaza ubutegetsi n’ibindi ;
  1.  Kubera ivyo bishikirijwe, Umugambwe CNDD-FDD uriyamirije :
  1. ingendo yose y’abanyepolitike bamwe bamwe yoza isuka agapfungu ku Bagumyabanga n’abakunzi ba demokarasi mu kubajuragiza mu nzira barimwo yo guteza imbere ukwishira n’ukwizana baharaniye kuva kera;
  1. inyifato y’abanyepolitike bamwe bamwe bataye umurongo yo guhindura ijambo ry’ibiganiro ku ruyeri kugirango ibe icanzo co guhotora Abenegihugu bikukiye kuva mu myaka ya 1962 bakaba uno munsi ububasha bwabo buhagaze ku bwigenge bwabo bwo kwitorera ababarongora, akaba arivyo ba bangushi bashaka kubanyaga kugirango babonereho ingene babacura bufuni na buhoro, babarye babicayeko nka za ntwaro za gisoda zo hambere  zasezerewe ;
  1.  ukwisuka mu vyo gutunganya igihugu c’Uburundi kuko ata na hamwe kw’isi igihugu n’Abenegihugu bikukiye na cane cane biyemeje  kurongorwa n’ubutegetsi bwa demokarasi boba bagihonyangwa mu gateka kabo ko kwitorera ababarongora na cane cane igihe ako gahotoro koturuka ku batemera ubutegetsi bukomoka ku benegihugu, baba Abarundi canke Abanyamahanga babashigikiye;
  1.  Kubera ivyo ivyo vyiyumviro vyose vyashikirijwe, Umugambwe CNDD-FDD urashikirije icese :
  1. ko abakunzi ba demokarasi muri rusangi na cane cane Abagumyabanga bamaze kumenyera inziza y’ibiganiro mu gutorera umuti ibibazo vyabo kandi ko ata wuzobibabuza ;
  1. ko utazigera wemera uwo wese azoba ashaka ku wuhuvya mu nzira y’ibiganiro ashaka guhengamira ku bansi b’amatora na demokarasi mu ntumbero yo kwaka ubwigenge n’ububasha Abenegihugu bwo kwitunganiriza igihugu babicishije mu matora, aho hose kugira ngo bitebe bikunde habe intwaro z’akajagari n’agahotoro, z’imigumuko n’ubwicanyi butagira izina, zo gutembagaza ubutegetsi n’izo kurwanya ibwirizwa nshingiro kugira bikunde bishingire za Reta mfatakibanza z’amagaburanyama zihagaze ku moko n’amacakubiri atandukanye ;
  1. ko bizwi neza kandi bikaba vyaravuzwe no mu Masezerano y’Amahoro y’i Arusha ko ingorane z’i Burundi zifata umuzi mu vya politike n’aho zagiye ziribonekeza biciye mu macakubiri y’amoko.Gutyo rero nta n’umwe yoshobora gusubiza Abenegihugu i buti mu vy’amacakubiri atandukanye kandi bamaze kuryoherwa n’amatora ya demokarasi bamaze gutunganya kuva mu 2005 kuko aribwo buryo burashe bwo gutorera inyishu ku bibazo vya politike aho Abenegihugu bose bahamagarirwa kugira ijambo mu kwishiriraho inzego n’indongozi zabo biciye mu matora ;
  1. ko ukwikukira kw ‘Abenegihugu n’ubwigenge bugukomokako bidashobora kuburabuzwa n’umuntu n’umwe na cane cane mu gihe herekanywe ugushaka n’umwidegemvyo wo gutunganya ibiganiro hagati yabo, ata muntu abinjiriyemwo kugira ngo bubake neza igihugu cabo. Ivyo ni ivy’ukuri kuko bifatiye k’uburorero bwinshi aho ubuhinga bwabo mu  bijanye n’ibiganiro bwabashikanye kw’ihangiro. Amatora yo mu 2015 yarabaye mu mahoro, mu mutekano, mu mwidegemvyo no ku mugaragaro ; indorerezi  z’amatora zaba izo mu gihugu na mvamakungu zarishikiye ku rubuga zirabona ko amatora yabaye mu mahoro no mu mutekano ntangere kandi ko yahuje ababishatse bose ; ibiharuro vy’ amajwi vyavuye mu matora vyarashizwe ahabona na CENI hisunzwe ubuhinga bubigenewe nayo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ikaba yaravyemeje.  Inzego nshingamateka na nkenguzamateka zarashinzwe mu kanyamuneza ntangere habanje kuba ukuganira hagati y’abo vyega, Reta ikaba nayo yaraye igenywe kandi irarahira imbere y’Umukuru w’Igihugu ishengero ry’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi rikinje. Kubera utwo turorero twose Igihugu caciyemwo biragaragara ko Abenegihugu baronse icigwa gikwiye bakaba uno munsi bashoboye kwitunganiriza ibiganiro hagati yabo ata wundi mu nyamahanga abigiyemwo ;
  1. Muri make, Uburundi ni ubw’Abarundi. Igihe cose bagiye baraca mu ngorane n’aho batevye kubona inzira irashe yo gutora umuti ku bibazo vyabaye haratevye haraboneka inyishu zibereye zibashikana ku mahoro bipfuza. Nk’uko abo hambere bayamaze bati “hakuzimira wozigura. N’ubwo inzira y’ibiganiro itaramenywa na bose ku rugero rungana biragaragara ko hari abanyepolitike bamwe bamwe b’umutima mubi barajwe ishinga no kujuragiza Abarundi bakoresheje amajambo y’agapfungu kugira ngo intwaro ya demokarasi ihagaze ku benegihugu ituzwe burundu mu Gihugu c’Uburundi. Bikaba vyumvikana ko ba bakunzi ba demokarasi bumvise hakiri kare ko ibiganiro bitunganijwe n’Abenegihugu ubwabo ari inzira imwe mu zikomeza ubwigenge n’ukwikukira kwabo  bohereza abagikwega ibirenge ubwo bumenyi kugira ngo nabo bahave bamenye ko ibiganiro  bibaye hagati y’abenegihugu ubwabo ata munyamahanga agiyemwo ari ibibahesha agateka mu gihugu cabo no mu makungu.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 31 Myandagaro 2015
 Umushingamateka Pascal Nyabenda,

 Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

1 septembre 2015

About Author

Willy