Month: février, 2022

IJAMBO RYA NYAKWUBAHWA UMUNYAMABANGA MUKURU W’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KWUGURURA AMASENGESHO MPUZAMADINI
Non classé

IJAMBO RYA NYAKWUBAHWA UMUNYAMABANGA MUKURU W’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KWUGURURA AMASENGESHO MPUZAMADINI

URUFATIRO :  INDONGOZI NI URUFATIRO RW’UBUZIMA BW’ABO IJEJWE  Ku wa 20 NZERO 2022 Tugire CNDD-FDD Kubw’Imana Rugiravyose, Nyen’impuhwe n’Urukundo Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana Kuri uyu umusi mwiza wa kane igenekerezo rya 20 Nzero 2021, Tubanje gukengurukira Imana yawushikanyeko turi bazima. Nihabwe Icubahiro. Mpagaze ngaha imbere yanyu rero kugirango ndabahe ikaze nongere ndabakengurukire kubona mwaremeye kwitaba ubutumire…

Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.
Non classé

Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.

AMASENGESHO ASOZERA UKWEZI KWA NDAMUKIZA BUJUMBURA, 29 NDAMUKIZA 2021 IJAMBO RY’URUFATIRO “Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? Arabishura, at’ Ufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe utarifise, n’ufise ivyo kurya n’agire artyo.  Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe. N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire…

Ruhuhuma: ukwezi kw’imigisha n’imihezagiro ku Bagumyabanga n’Abarundi bose
Actualité

Ruhuhuma: ukwezi kw’imigisha n’imihezagiro ku Bagumyabanga n’Abarundi bose

  Umugambwe CNDD-FDD watunganije kuri uyu wa kane amasengesho asozera ukwezi  kwa Ruhuhuma 2022. Nyakubahwa Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Angeline Nyifatanije n’Abagumyabanga muri ayo masengesho yari ashimikiye kw’ijambo ry’urufatiro : « Imana niyo buhungiro nyabwo » Zab 118:6-9 Umunyamabanga Mukuru w’ Umugambwe CNDD-FDD mw’ijambo ryiwe yashimye ko ukwezi kwa Ruhuhuma kwabaye ukw’imigisha n’imihezagiro myinshi. Ashima umwete wibonekeza mu…

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yakeje Umwungere Mushasha wa Diyoseze ya Gitega
Non classé

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yakeje Umwungere Mushasha wa Diyoseze ya Gitega

Mu butumwa yarungikiye Nyenicubahiro Musenyeri wa Diyoseze ya Gitega, Umunyambanga Mukuru w’Umugambze CNDD-FDD yagize ati:  “​​Umugambwe CNDD-FDD wakiranye agahimbare kenshi inkuru nziza y’ingingo ibagena mu mabanga yo kuba umwepiskopi mukuru wa Diyoseze ya Gitega inyuma yaho Nyenubweranda Papa Fransisko yemereye ko Nyenicubahiro Musenyeri Simoni NTAMWANA aja mu karuhuko. Kwizina ry’umugambwe CNDD-FDD turabakeje bimwe bivuye ku…

Umugambwe uguma utera intambwe, abarenga 1500 binjiye muri Komine Songa ya Bururi.
Actualité, Espace Presse, Politique

Umugambwe uguma utera intambwe, abarenga 1500 binjiye muri Komine Songa ya Bururi.

Kari akanyamuneza ku bagumyabanga bo muri komine ya Songa yo mu ntara ya Bururi, aho bari baramutse binjira ku mugaragaro ingoro y’umugambwe CNDD-FDD yo muri iyo komine biyubakiye, bakira n’abagumyabanga bashasha bagera ku gihumbi n’amaja atanu (1500) basavye kwinjira mu mu gambwe CNDD-FDD baheba imigambwe itandukanye bahoramwo nka CNL,UPRONA,FNL, n’abandi batari bwinjire mu mugambwe numwe….

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 09 RUHUHUMA 2022
Amatangazo, Communiqués et Déclarations

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 09 RUHUHUMA 2022

1. Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2022, Umugambwe CNDD-FDD wakiranye urweze ingingo yafashwe n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya bwo gukuraho ibihano vy’ubutunzi ivyo bihugu vyari vyafatiye Uburundi mu mwaka w’2016 hisunzwe ingingo ya 96 y’Amasezerano yiswe ay’i Cotonou. Iyo ngingo yo gukuraho ivyo bihano igaca ikurikizwa buno nyene igiheza gufatwa. Iyo ngingo…

COMMUNIQUE DU PARTI CNDD-FDD DU 09 FEVRIER 2022
Amatangazo, Communiqués de presse, Communiqués et Déclarations

COMMUNIQUE DU PARTI CNDD-FDD DU 09 FEVRIER 2022

Le Parti Conseil National pour la Défense de la Démocratie – Forces pour la Défense de la Démocratie, CNDD-FDD, a accueilli avec joie, ce mardi 08 février 2022, la décision prise par l’Union Européenne portant levée, avec effet immédiat, des sanctions économiques contre le Burundi dans le cadre de l’article 96 de l’Accord de Cotonou….

Umugambwe CNDD-FDD ubandanya ukomeza ubucuti  n’Umugambwe urongoye igihugu c’Uburusiya
Non classé

Umugambwe CNDD-FDD ubandanya ukomeza ubucuti n’Umugambwe urongoye igihugu c’Uburusiya

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yahaye umubonano mu biro vyo ku murwa mukuru w’Ubutunzi Bujumbura, Uwuserukira igihugu c’Uburusiya mu Burundi ambasaderi Valery Mikhaylov. Uwo mushitsi yarazanye ubutumwa bw’Umugambwe urongoye igihugu mu Burusiya witwa mu mfunyafunyo y’igifaransa Russie Unie cosigurwa nk’Umugambwe uharanira Uburusiya bwiyunze. Muri ubwo butumwa, harimwo rero kwifuriza indongozi n’abanywanyi bose b’Umugambwe CNDD-FDD umwaka mwiza biyemeza…