Umugambwe CNDD-FDD urakeza Umunyamabanga Mukuru yatowe mu mugambwe CCM uyoboye igihugu ca Tanzaniya

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, wakiranye umunezero itorwa ry’Umukuru w’Igihugu kibanyi ca Tanzaniya ngo ayobore Umugambwe CCM uri ku butegetsi muri ico gihugu, hamwe n’itorwa ry’Umunyamabanga Mukuru w’uwo Mugambwe. Ni kuri iyo ndamutso, Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, yandikiye Umunyamabanga Mukuru […]

Ijambo ry’ikaze ry’Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD- Amasengesho asozera Ndamukiza.

AMASENGESHO ASOZERA UKWEZI KWA NDAMUKIZA BUJUMBURA, 29 NDAMUKIZA 2021 IJAMBO RY’URUFATIRO “Ishengero riramubaza, riti None tugire dute? Arabishura, at’ Ufise amapfundo abiri, rimwe n’arihe utarifise, n’ufise ivyo kurya n’agire artyo.  Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute? Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo […]

Umugambwe CNDD-FDD urakeza Umunyamabanga wa mbere yatowe mu mugambwe PCC muri Cuba

Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, arakeza Nyenicubahiro Miguel Diaz-Canel Bermudez, Umunyamabanga wa mbere w’Umugambwe uri ku butegetsi akaba n’Umukuru w’Igihugu ca Cuba, nk’uko biri mu butumwa yamurungikiye kw’igenekerezo rya 22 ndamukiza 2021. Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD yarakeje cane Umugambwe PCC “Parti Communiste de […]

Umugambwe CNDD-FDD warungitse Ubutumwa bwo guhoza abenegihugu ba Tchad inyuma y’urupfu rw’uwahoze ari Umukuru w’ico gihugu

Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, Nyakwubahwa Reveriyano NDIKURIYO yakiranye umubabaro inkuru y’urupfu rwahitanye Uwahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Tchad, Nyenicubahiro Maréchal Idriss Déby Itno, rwabaye kw’igenekerezo rya 20 ndamukiza 2021. Mw’ikete yarungitse muri ico gihugu kigenzi, yahojeje abenegihugu ba Tchad na canecane Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe uri […]

Sebarundi ati: “Dushaka indongozi zitwararika abagumyabanga, atari bamwe baharanira ivyicaro”

Mw’ijambo Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu akaba n’umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye yashikirije mu kwugurura icese Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe yaribukije ico arico kuba indongozi mu Bagumyabanga. Ati :“Kuba indongozi mu mugambwe CNDD-FDD, ni ibanga, ni umuhamagaro, ni igitsibo, ni ukwemera gukora udaharura amasaha. Ni ukwemera gukorera […]

Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo yatowe ngo abe umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD

Umugumyabanga Reveriyano Ndikuriyo, asanzwe yarizewe n’abenegihugu bo mu tara ya Makamba ngo abaserukire mu nama nkenguzamateka mu matora aheruka yo mu 2020, niwe Abagumyabanga bagize Ikoraniro Kaminuza ry’Umugambwe CNDD-FDD batoye ngo abarongore nk’Umunyamabanga Mukuru. Aho hari mw’Ikoraniro Kaminuza ryatunganijwe n’Umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa 24 […]

ITANGAZO RISOZERA IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KW’IGENEKEREZO RYA 24 NZERO 2021 RYABEREYE I GITEGA.

Kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2020, Umugambwe CNDD-FDD watunganije Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe, rikaba ryabereye i Gitega, umurwa mukuru wa poritike. Ikoraniro ryabaye ku civugo :‘’BAGUMYABANGA, DUKOMEZE DEMOKARASI MU BURUNDI MU KWITORERA INDONGOZI’’ Ikoraniro Kaminuza Ridasanzwe riri mu rukurikirane rw’amateka mashasha y’Igihugu n’Umugambwe CNDD-FDD, ryabaye Abagumyabanga bamaze imisi itatu […]

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU YUGURURA ICESE IKORANIRO KAMINUZA RIDASANZWE RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD

Kubw’Imana Mushoboravyose, Mbanje kubaramutsa amahoro y’Imana. Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Rugiravyose yadushikanye kuri uyu musi turi bazima. Nihabwe icubahiro Yo yama izigama Uburundi n’Abarundi, tuzokwama tuyishira imbere muri vyose na hose. Reka mbanze kubaha ikaze mwebwe mwese ndanabakengurukira ko mwashoboye kwitaba ubutumire twabahaye. […]