ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD INYUMA YAHO SENTARE YUBAHIRIZA IBWIRIZWA SHINGIRO ITANGARIJE IBIHARURO NTABANDUKA VY’IVYAVUYE MU MATORA YO KU WA 20 RUSAMA 2020

Kuri uyu munsi mwiza ku bakunzi b’amahoro na demokarasi, Umugambwe CNDD-FDD uri n’akanyamuneza ntangere ko gushimira ubwa mbere Imana Mushoboravyose yagiye imbere abarundi mu nteguro no mu matora nyezina yabaye ku wa 20 rusama 2020.   Umugambwe CNDD-FDD urakeje abarundi isinzi bitavye amatora yo kw’igenekerezo […]