ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE NO KWIBUKA IMYAKA 57 IHEZE INCUNGU YO KWIKUKIRA UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE AGANDAGUWE

  Imyaka 57 irarangiye Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore umuvyeyi akaba n’incungu yo kwikukira kw’Uburundi agandaguwe, umugambwe CNDD-FDD urifatanije n’Abarundi bose mu kwibuka iyo ncungu. Uyu munsi n’uwo kwibukana icubahiro gihawe iyo ntwari yitanze ikigura abarundi kugirango turonke intahe yo kwikukira, kwishira no kwizana. Yaraharaniye […]